Русские видео

Сейчас в тренде

Иностранные видео


Скачать с ютуб Prezida Pierre Buyoya agiye gutahukanwa gushingurwa mu Burundi,Ibisigarira vyiwe bizoshika14/07/2024 в хорошем качестве

Prezida Pierre Buyoya agiye gutahukanwa gushingurwa mu Burundi,Ibisigarira vyiwe bizoshika14/07/2024 2 недели назад


Если кнопки скачивания не загрузились НАЖМИТЕ ЗДЕСЬ или обновите страницу
Если возникают проблемы со скачиванием, пожалуйста напишите в поддержку по адресу внизу страницы.
Спасибо за использование сервиса savevideohd.ru



Prezida Pierre Buyoya agiye gutahukanwa gushingurwa mu Burundi,Ibisigarira vyiwe bizoshika14/07/2024

🔴 Ibisigarira vya Prezida Pierre Buyoya bigiye gutahukanwa mu Burundi kuri uyu w'Imana uza. Amakuru yashizwe ahabona uno musi n'urubuga Ikiriho rusanzwe rukorana n'iperereza ry'Uburundi avuga ko ibisigarira vya Prezida Pierre Buyoya bizotahanwa mu Burundi ku wa 14.7.2024 bikuwe i Bamako muri Mali. Ikiriho gisanzwe gitanga amakuru n'ivyiyumviro vyo hafi cane ya Prezida Ndayishimiye. Inkuru yaherekejwe n'urutonde rw'ibiteguwe bijanye n'itahukanwa ry'ibisigarira vya Prezida Buyoya. Ku musi w'Imana (14.7.2024), isaha zine z'igitondo, hategenekanijwe imisa yo gusabira Prezida Buyoya muri Cathédrale Sacré Cœur y'i Bamako muri Mali. Inyuma hazokurikira igikorwa co kujana ivyo bisigarira ku kibuga c'indege Modibo Keita c'i Bamako. Ikiriho carangije gitangaza ko Prezida Pierre Buyoya azoshingurwa ku wa 17.7.2024 iwe muri komine Rutovu mu ntara ya Bururi. 🔴 Ni ikintu gihambaye ko abatwaye Uburundi bashingurwa mu Burundi. Igihugu kireka abakirongoye bagahambwa mu mahanga gifatwa ko hari ico kibuze mu kwiyubaha no mu kwiyubaka. Kenshi biva ku ndyane ico gihugu kiba caraciyemwo. Gutahukana ibisigarira vya Prezida Pierre Buyoya ni ikintu ciza cane ku bijanye n'ishusho y'igihugu no mu nzira yo kunywanisha Abarundi. Umukuru w'igihugu atubahiriza abatwaye imbere yiwe, na canecane nk'abamaze kwitaba Imana, aba akoze ikosa kandi nawe aba yisuzuguje. Uko afata ab'imbere yiwe niko nawe ashobora kuzofatwa atakiri ku butegetsi. Kwemera ko ibisigarira vya Prezida Buyoya bitahukanwa agashinguranwa iteka bizoha iteka Prezida Ndayishimiye vyongere bifashe Abarundi mu rugendo rwo kunywana. Kugeza ubu abatwaye Uburundi bapfiriye hanze ntibashingurwe mu Burundi bari babiri: Umwami Mwambutsa IV Bangiricenge yasandabiye mu Buswisi muri ntwarante 1977 na Prezida Pierre Buyoya yasandabiye mu Bufaransa aca ashingurwa muri Mali muri kigarama 2020. Batatu bandi basandabiye hanze baratahanywe. Abo ni Prezida Michel Micombero yasandabiye i Mogadishu muri Somalia ku wa 16.7.1983, Prezida Cyprien Ntaryamira yiciwe mu ndege yakorowe i Kigali mu Rwanda ku wa 06.4.1994 na Prezida Jean-Baptiste Bagaza yasandabiye i Bruxelles mu Bubiligi ku wa 04.5.2016. 🔴 Prezida Buyoya yavutse mu 1949 muri komine Rutovu mu ntara ya Bururi. Ni umwe mu basirikare b'Uburundi bize amashure akomeye ya gisirikare mu Bubiligi, mu Bufaransa no mu Budagi. Yarajejwe amabanga atandukanye mu gisirikare, yarabaye mu Nama Nkuru y'umugambwe UPRONA imbere yo kurongora Uburundi incuro zibiri (1987-1993 hanyuma 1996-2003). Ni umwe kandi mu barundi bajejwe amabanga atari make ku rwego mpuzamakungu. Yasandavye aserukira Ubumwe bw'Afrika muri Mali no mu karere ka Sahel. Yahitanywe n'ingwara i Paris mu Bufaransa aho yari agiye kwivuza, ku wa 17.12.2020.#amakuru_atarikwivumbi #urugendo_news_amakuru #Updats_zurugendo_news Amakuru 🅱🅱C Gahuzamiryango Amakuru ya RPA yihuta Amakuru ya Haguruka yihuta Amakuru yinzamba yihuta Amakuru ya Peace FM yihuta Amakuru n'ibiganiro bicukumbuye

Comments