Русские видео

Сейчас в тренде

Иностранные видео


Скачать с ютуб #igifyoti_madebari в хорошем качестве

#igifyoti_madebari 1 месяц назад


Если кнопки скачивания не загрузились НАЖМИТЕ ЗДЕСЬ или обновите страницу
Если возникают проблемы со скачиванием, пожалуйста напишите в поддержку по адресу внизу страницы.
Спасибо за использование сервиса savevideohd.ru



#igifyoti_madebari

Genève : ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu riguma ryiyongera mu Burundi Kuva kuwa 18 Ruheshi, inama iraba ibijanye n'agateka ka zina muntu ya Nations-Unies yari iri mw'ihuriro ryayo rigira 56. Izohera kuwa 12 Mukakaro. Mu ndwi iheze, Uburundi bwari ku rutonde rw'ivyigwa kandi uwujejwe gutanga amakuru wo mw'ishirahamwe mpuzamakungu Onu yamenyesheje ko bibabaje kubona ibijanye n'iyubahirizwa ry'agateka ka zina muntu muri ico gihugu biguma bisubira inyuma. Asaba ko abamenyeshamakuru n'abahurikiye mu mashirahamwe yigenga borekurwa. Ku ruhande rwiwe, uwuserukira Uburundi muri ONU yamirira kure ivyo birego. IAbajejwe imigenderanire muri ONU basubiriye kuvuga cane. Mu gihe yariko aragira ico ashikirije ku musi wa kane uheze, Fortuné Gaétan Zongo yerekanye ko agateka ka zina muntu gahonyangwa cane mu Burundi. "Mu Burundi hari umutekano umara akanya gato, ukudahana kwiganziye igisata c'ubutungane, ukutihanganiranirana ku bijanye n'ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu, cane cane ku bikorwa n'urwaruka rw'umugambwe uri ku butegetsi (Imbonerakure)", ni ko yashimangiye. "Rimwe na rimwe urwo rwaruka rusubirira inzego zijejwe umutekano mu bice bimwe bimwe mbere rugahagarika abantu, rukanyuruza rukanatera ubwoba abanyagihugu, hatibagiwe ibikorwa n'igipolisi n'abakozi b'igendereza", ni ko yashimangiye ku cicaro gikuru c'inama ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu. Iyo ntumwa idasanzwe ya ONU ku Burundi yarananeguye umwanya uhabwa abanye politique kubw'icegeranyo ciwe, "urubuga rwa politike rurugaye kandi abatavuga rumwe n'ubutegetsi ntibemererwa gushikiriza ivyiyumviro". Ku bijanye n'ibimenyeshamakuru, Fortuné Gaétan Zongo arifatanya nabo. "Abamenyeshamakuru beshi n'abajejwe agateka ka zina muntu barahagarikwa, bagapfungwa vy'agasakisaki, bagakubagurwa bakanaterwa ubwoba", ni ko amenyesha. Uwo mutegetsi wo muri burkinafaso yibukije ipfungwa rya Floriane Irangabiye hamwe na Sandra Muhoza. "Ni abakenyezi babiri bapfunzwe bagirizwa ibibi batakoze, ariko vyarementanijwe: guhungabanya umutekano w'igihugu n'ukwitwaza amacakubiri", ni ko amenyesha imbere yo gusaba ko borekurwa vyihuta kandi ata gisabwe. Ubuzima buzimvye... Ku ruhande rw'ubutunzi, Zongo arababazwa "n'ubutunzi burangwa n'iduga ry'ibiciro hamwe n'ifaranga ry'Uburundi riguma rita agaciro,... bigatuma imiryango igira ingorane mu vyo kubaho". "Kuri ivyo hiyongerako ingorane zijanye n'ibitoro, isukari, amazi hatavuzwe icikagurika ryisubiriza ry'umuyagankuba", ni ko yerekanye. Arashima n'ubwo biri ukwo iyugururwa ry'urubuga mpuzamakungu n'ubwo utunenge tutabuze. "Uburundi busa n'ubwuguruye ariko ntiburakorana n'uwujejwe gutanga amakuru, ntiburugurura kandi imigenderanire hagati y'ibihugu bihana imbibe", ni ko abisigura. Mu gihe Uburundi bwatorewe kurongora umurwi ugira gatatu w'inama nkuru ya ONU mu kiringo co kuva muri 2024-2026, uwo ajejwe gutanga amakuru kuri ako gahugu gatoya ko muri Afrika y'Ubuseruko afise icipfuzo kimwe: "Ico cicaro kizofashe Uburundi kwisuganya buje ku rugero mpuzamakungu mu vyo gukingira agateka ka zina muntu cane cane bwerekane ugushaka mu vyo gukingira agateka ka zina muntu k'Abarudi n'Abarundikazi bunafate n'ingingo zibereye zituma hagabanuka amabi akorwa muri ibi bihe himirije amatora". Inyishu z'abungere zivanze ibitutsi... Nk'uko bimenyerewe, uwuserukira Uburundi i Genève ntiyatanzwe kwiyamiriza ico cegeranyo asa n'uwutukana. "Uburundi burababajwe n'ico cegeranyo gihengamye harimwo n'ibinyoma, gisuzugura Abarundi, gifatiye ku gasuzuguro k'inzego za leta n'abanyagihugu bose", ni ko vyiyamirijwe na Elisa Nkerabirori. "Mu vy'ukuri ni ukugomba kwica inzego kandi nkana ku mvo atari izindi atari iza politike", ni ko yaciye urubanza. Uwuserukira Uburundi i Genève agaruka ku rugendo rwa Gaétan Zongo mu Rwanda rwamaze imisi cumi aho yashitse mw'ikambi y'impunzi ya Mahama mu buseruko bw'ico gihugu. "Ubwa mbere iki cegeranyo cabonetse inyuma y'urwo rugendo rwiswe 'kugumya umwizero' ni igitutsi", ni ko avuga. "Ni gute hovugwa icizere ku bantu bari mu buhungiro, ubuzima bubi bw'impunzi mu gihe izo mpunzi zafashwe mpiri mu myaka cumi yose iheze kandi ziguma zisaba gusubira mu gihugu cabo c'amavukiro bikanka", ni ko yashikirije. Kubwa Gitega, ikambi ya Mahama ni ikibanza co kwegeranirizamwo abagwanyi. "Ukwinjiza impunzi mu murwi w'iterabwoba Red-Tabara urongowe n'abagize uruhara #amakuru_atarikwivumbi #urugendo_news_amakuru #Updats_zurugendo_news Amakuru 🅱🅱C Gahuzamiryango Amakuru ya RPA yihuta Amakuru ya Haguruka yihuta Amakuru yinzamba yihuta Amakuru ya Peace FM yihuta Amakuru n'ibiganiro bicukumbuye

Comments