Русские видео

Сейчас в тренде

Иностранные видео


Скачать с ютуб Ngabo Abakozi b'iperereza banyuruza aba CNL n'abandi barundi burimusi😭AMAZINA,AMAFOTO NAHO BAKORERA в хорошем качестве

Ngabo Abakozi b'iperereza banyuruza aba CNL n'abandi barundi burimusi😭AMAZINA,AMAFOTO NAHO BAKORERA 3 дня назад


Если кнопки скачивания не загрузились НАЖМИТЕ ЗДЕСЬ или обновите страницу
Если возникают проблемы со скачиванием, пожалуйста напишите в поддержку по адресу внизу страницы.
Спасибо за использование сервиса savevideohd.ru



Ngabo Abakozi b'iperereza banyuruza aba CNL n'abandi barundi burimusi😭AMAZINA,AMAFOTO NAHO BAKORERA

🔴 Aya niyo mazina dufise y'abarongoye iperereza mu ntara muri kino gihe : 1. Bubanza : Pontien Bigiruwuhiriwe. Pontien Bigiruwuhuriwe nta mwaka arakwiza mu burongozi bw'iperereza mu ntara ya Bubanza, ariko ikiringo ciwe cabayemwo inyuruzwa ry'abantu benshi bahavuye baburwa irengero. Bubanza iri kw'isonga mu ntara zinyuruza abantu bakaburwa irengero muri ino misi. Imbere yo kuja i Bubanza, Pontien Bigiruwuhuriwe yatwara iperereza mu ntara ya Muramvya. 2. Bujumbura (Mairie) : Eliphaz Niyongabo. Eliphaz Niyongabo yarakoreye mu ntara nyinshi nka Kayanza, Mwaro, Muyinga n'ahandi. Aho aciye hose ahasiga amarira mu miryango. Kuva agenywe kurongora iperereza mu gisagara ca Bujumbura, ibitigiri vy'abanyuruzwa vyaraduze cane. Ni naho hantu hari benshi banyuruzwa bazira amatati asanzwe ariko bakambikwa ivyaha vyo guhungabanya umutekano w'igihugu. Zimwe mu nguvu za Eliphaz Niyongabo ni ukuba avuka mu Rutegama, avugwa ko yoba yishikira ku mupfasoni w'umukuru w'igihugu. 3. Bujumbura rural : Venant Miburo. Venant Miburo aramaze guca mu ntara nyinshi nka Ngozi, Cibitoke, Bubanza, Gitega na Cankuzo. Iminwe yiwe yuzuye amaraso y'inzirakarengane nyinshi yanyuruje ntizigera zisubira kuboneka. Umwanya munini w'ikiringo ca gatatu ca Nkurunziza, Venant Miburo yatwara iperereza mu ntara ya Ngozi, ico gihe ibara ryaraguye, Venant Miburo yaramaze abantu. Kuva agiye kuritwara muri Bujumbura rural, turafise amazina y'abanyurujwe uyu mwaka muri Bujumbura rural, canecane mu Maramvya, kugeza ubu batarasubira kuboneka. 4. Bururi : Ahmed Nabil Sindayigaya. Nabil Sindayigaya yaratwaye iperereza mu ntara ya Cibitoke igihe kitari gito. Ikiringo ciwe carabayemwo ivyaha bikomeye : kunyuruza abantu bakaburwa irengero be n'ibiziga vyinshi vyagiye biratorwa mu Rusizi, bimwe biboshwe. 5. Cankuzo : Renovat Ntungincimpaye. Uyu ibinyamakuru n'amashirahamwe yigenga vyaramwihenzeko cane kuva mu ntango za 2024, ntabwo ariwe yatwara iperereza mu ntara ya Cibitoke mu gihe hariko haranyuruzwa abantu benshi, canecane muri komine Mabayi. Uwatwara iperereza mu Cibitoke yari Isidore Nyandwi. Renovat Ntungincimpaye aramaze gukorera mu ntara nka Bururi na Mwaro. Aho yaciye hose bamuvuga neza. 6. Cibitoke : Félix Havyarimana. Félix Havyarimana aramaze gukorera mu ntara nka Muramvya, Bujumbura Mairie, Muyinga. Uyu aho aciye hose hama havugwa abanyuruzwa bakaburwa irengero ryabo. Aho mu Cibitoke, Félix Havyarimana asubiriye Isidore Nyandwi yakoze ibara mu mezi aheze ya 2024. 7. Gitega : Venant Ndayishimiye. Imbere ya Gitega, Venant Ndayishimiye yakoreye mu Cankuzo. Mu mwaka uheze, Venansi yaravuzwe mw'inyuruzwa rya Haruna Mustafa ariko abonye ko twabimenye yahavuye amurekura. Avugwa ko ari incabwenge mu mabanga ajejwe kandi ko ari umwizigirwa wa Prezida Ndayishimiye, anamucungiye Général Bunyoni. Aracari mu bashasha mu bikorwa vy'iperereza, nta mabi aravugwamwo. 8. Karusi : Jovin Cishahayo. Uyu yakoreye mu ntara nyinshi (Rutana , Makamba, Gitega, Ruyigi, ...) kandi zose yazisizemwo amarira menshi cane. Ku gatwe kiwe hari benshi banyurujwe ntibasubira kuboneka, hari n'abandi benshi baborejwe igufa. 9. Kayanza : Léonard Ngendakumana. Aramaze kuvugwa mw'ihohoterwa rikomeye ry'inyankumugayo y'i Matongo yitwa Innocent Barutwanayo, ihohoterwa ryatumye yitaba Imana. Léonard Ngendakumana nta yindi ntara tuzi amaze gukoreramwo, Kayanza ayibayemwo imyaka hafi ine. Umuzo wiwe waragabanije umurindi w'abafatwa bakaburwa irengero muri iyo ntara. 10. Kirundo : Pépin Habimana. Imbere ya Kirundo, Pépin Habimana yarakoreye mu ntara ya Rutana. Mu Rutana yakuwe yagirijwe ihohoterwa (torture) ry'umunyagihugu. Kuva agiye mu Kirundo, yaravuzwe uyu mwaka mw'inyuruzwa ry'umunywanyi wa CNL muri komine Ntega : Jérémie Niyokindi. 11. Makamba : Liévin Tuyishemeze. Uyu aracari muri bashasha bazwi neza. Aramaze kurongora iperereza mu ntara za Muyinga na Ngozi. 12. Muramvya : Nicaise Mugande. Uyu amaze amezi make mu burongozi bw'iperereza muri iyo ntara, inyuma y'imyaka ata ntara bamushinze. Mu myaka iheze, Nicaise Mugande yaravuzwe mw'inyuruzwa ry'abantu, canecane iyo avuka mu Cankuzo. Kuva aje i Muramvya aramaze kuvugwa mw'inyuruzwa rya Edouard Ndayisenga ariko twahavuye turonka amakuru avuga ko yamupfungiye mu gasho k'iperereza i Muramvya. 13. Muyinga : Wilson Nzisabira. Uyu yari amaze igihe ata ntara ajejwe. Mu myaka iheze yarigeze .#amakuru_atarikwivumbi #urugendo_news_amakuru #Updats_zurugendo_news Amakuru 🅱🅱C Gahuzamiryango Amakuru ya RPA yihuta Amakuru ya Haguruka yihuta Amakuru yinzamba yihuta Amakuru ya Peace FM yihuta Amakuru n'ibiganiro bicukumbuye

Comments